Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 2:49 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 Maze Daniyeli asaba umwami ngo Shaduraka na Meshaki na Abedunego bamutwarire mur’ ico gihugu c’i Babuloni; ariko Daniyeli aguma i bgami.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 2:49
12 Iomraidhean Croise  

Nuko bongeye gukoranya inkumi ubugira kabiri, Moridekayi yari yicaye ku kirimba i bgami.


Mur’ iyo misi, Moridekayi yari yicaye ku kirimba i bgami, babiri bo mu nkone z’umwami, Bigitana na Tereshi, bo mu barinda umuryango, barashungumirwa, barondera ingene bokwica umwami Ahasuwerusi.


Maz’ abagendanyi b’ umwami bose bāri ku kirimba i bgami bunamira Hamani, bakamwikubita imbere, kuk’ umwami yari yābishinze ngo bamuhe ico cubahiro. Ariko Moridekayi ntiyamwunamira, ntiyamwikubita imbere.


Abagororotsi iyo banesheje haba icubahiro cinshi, Arikw abanyakibi iyo bari hejuru abantu barinyegeza.


Hatsinzwe, abaganwa bose b’umwami w’i Babuloni baraza basagaza mu kirimba co hagati, ni bo aba: Nerugali‐sharezeri, na Samugari‐nebo, na Sarusekimu, na Rabu‐sarisi, na Nerugali‐sharezeri, na Rabu‐magu, bo n’abandi baganwa bose b’umwami w’i Babuloni.


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.


Nuko Daniyeli aja i we, abimenyesha bagenzi biwe, Hananiya na Mishayeli na Azariya,


Umwami Nebukadineza yakoze igishushanyo mw izahabu, uburebure bgaco bgar’ amatambge mirongwitandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ amatambge atandatu: agihagarika mu kiyaya c’i Dura, mu ntāra y’i Babuloni.


Kand’ ashira hejuru yabo abakuru batatu bo kubaganza, umwe muri bo yari Daniyeli; kwar’ ukugira ngw abo baganwa babashikirize ivyo bātoje, ng’ umwami ntagire ico ahomba.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan