Mur’ iyo misi, Moridekayi yari yicaye ku kirimba i bgami, babiri bo mu nkone z’umwami, Bigitana na Tereshi, bo mu barinda umuryango, barashungumirwa, barondera ingene bokwica umwami Ahasuwerusi.
Hatsinzwe, abaganwa bose b’umwami w’i Babuloni baraza basagaza mu kirimba co hagati, ni bo aba: Nerugali‐sharezeri, na Samugari‐nebo, na Sarusekimu, na Rabu‐sarisi, na Nerugali‐sharezeri, na Rabu‐magu, bo n’abandi baganwa bose b’umwami w’i Babuloni.
Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.