Daniyeli 2:48 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)48 Maz’ umwami akuza Daniyeli, amuha ingabire nyinshi zikomeye, amuha igihugu muri Babuloni, no kuba umukuru w’abaganza abanyabgenge bose b’i Babuloni. Faic an caibideil |
Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.