Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 2:46 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Maz’ umwami Nebukadineza aca yikubita hasi, apfukamira Daniyeli, avuga ko bamucumitira ikimazi bakamwosereza imibavu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 2:46
12 Iomraidhean Croise  

kugira ngo baze bahore baha Imana Nyen’ ijuru ibimazi vy’umubabge umota neza, kandi bansabire kuramba, jewe umwami n’abahungu banje.


ngo Ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ivyitwa sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuzwa, muce mwikubita hasi musenge iki gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yahagaritse;


Maz’ abantu bose bumvise amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, amoko n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bose, ako kanya baca bikubita hasi basenga ico gishushanyo c’izahabu umwami Nebukadineza yari yāhagaritse.


Nuko yēgēra aho nari mpagaze; anshikiriye ncika ivutu, nikubita hasi nubamye; maz’ arambarira, at’ Umve, yewe mwana w’umuntu, ivyo weretswe n’ivy’ igihe c’iherezo.


Nzohindura ibisagara vyanyu imisaka, ahēra hanyu ntume hatamārirwa, kandi sinzomoterwa n’ugutamirana kw’ibimoga vyanyu munyosereza.


yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushima: kand’ uwo yar’ Umusamariya.


Petero agira yinjire, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramupfukamira.


Maz’ umuherezi wa Zeyu, ingoro y’igitabo cayo yar’ imbere y’igisagara, azana amapfizi n’imyīshwa, agira acumite ikimazi, we n’ishengero.


Ba bandi barereka kw avyimba, canke kw agwa bukumbi: ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura, bati N’imana.


Ba bakuru mirongwibiri na bane, bicara ku ntebe zabo imbere y’Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana,


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


Ni jewe Yohana numvise ivyo, ndavyibonera. Mmaze kuvyumva no kubibona, nikubita hasi imbere y’ibirenge vy’umumarayika anyeretse ivyo, ngira ndamusenge.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan