Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 2:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Uko wabonye ibuye ryasituwe ku musozi ata maboko arisituye, rikamenagura ivyuma n’imiringa n’ibumba n’ifeza n’izahabu, nuko mugenzi, Imana ihambaye yakumenyesheje ibizoba mu gihe kizoza; kand’ izo nzozi n’iz’ ukuri, insobanuro yazo ntizohinduka.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 2:45
32 Iomraidhean Croise  

Za nka ndwi nziza n’imyaka ndwi, na ya mihuruhumbi myiza n’imyaka ndwi nyene: inzozi ni zimwe.


Ico ni co nakubariye, Nyaguhora ku ngoma, nt’ Ivyo Imana igira ikore yabikumenyesheje.


Kand’ icatumye urota izo nzozi kabiri n’ukw ivyo vyashinzwe n’ Imana, kand’ izobishitsa vuba.


Ni co gituma ur’ ūhambaye, Uhoraho Mana, kukw ata wuhwanye nawe, kand’ ata yindi Mana iriho twigeze kwumva atari wewe.


Kuk’ Uhoraho ahambaye, abereye gushimwa cane: N’uw’ igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose.


Mbitegereje, mva hasi mbarira abakuru n’abaganza n’abandi bose, nti Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu.


None, Mana yacu, Mana nkuru, uhambaye uteye ubgoba, ni wewe ugumya isezerano n’ikigongwe, turakwinginze amagorwa yose twabonye ntuyite ikintu coroshe, ayatubayeko twe n’abami bacu, n’abakuru bacu, n’abaherezi bacu, n’abavugishwa bacu, na ba sogokuruza bacu, eka n’abantu bawe bose, uhereye igihe c’abami b’i Ashuri ugashitsa na bugingo n’ubu.


Rāba Imana irahambaye, natwe ntituyizi; Igitigiri c’imyaka yayo ntigiserangurika.


Kuko nzi yuk’ Uhoraho ahambaye, Kandi yuk’ Umwami wacu asumba ibigirwamana vyose.


Uhoraho arahambaye, abereye gushimwa cane: Ubukuru bgiwe ntibushobora guserangurika.


Uzobavunaguza inkoni y’icuma, Uzobamenagura nk’ikibumbano.


Uhoraho arahambaye, abereye gushimirwa cane Ku murwa w’Imana yacu, ku musozi wayo wera.


Kuk’ Uhoraho ahambaye, abereye gushimwa cane: N’uw’ igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose.


ni co gitumye Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba itanguriro, ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane; kand’ uwizera ntazohutagiza.


Nuko Daniyeli yinjira kwa Ariyoki, uwo umwami yari yageze kugeseza abanyabgenge b’i Babuloni; aramubgira, ati Ntugeseze abanyabgenge b’i Babuloni: enda nshikiriza umwami, ndamumenyeshe uko bisobanurwa.


ariko mw ijuru har’ Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yakumenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza, mugenzi. Inzozi zawe n’ivyo werekewe mu mutwe uri ku kirwa vyar’ ibi:


nukw ivyawe, mugenzi, ivyiyumviro vyaje uri ku kirwa, vy’ibizoba mu gihe kizoza: Īhishura amabanga ni yo ikumenyesheje ibizoba.


Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.


Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko.


kandi nzokwubika ingoma z’abami, mpenebereze ububasha bg’ubgami bg’amahanga; nzokwubika imikogote y’intambara n’abayigenderamwo, kand’ amafarasi azogwaho, bo n’abayagenderako, umuntu wese agwe yishwe n’inkota ya mugenzi we.


Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose, abazoryikorera bose bazokomereka bibi; kand’ amahanga yose yo mw isi azokoranywa no kuharwanya.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Yesu arabishura, ati Nanje hinge ndababaze ijambo rimwe; ni mwarinyishura nanje mpeze ndababarire ububasha bunkoresha ivyo.


Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.


Abafarisayo bamubajije igihe ubgami bg’Imana buzozira, arabishura, at’ Ubgami bg’Imana ntibuzoza bgerekanwa,


Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana isumba izindi, n’Umwami asumba abandi, n’ Imana ihambaye, n’Inyabushobozi iteye ubgoba, idatinya abantu ku kigohe, itarya ingurire.


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


Mbona umumarayika ahagaze ku zuba; asemerera n’ijwi rirenga, abarira ibisīga vyose biguruka vyātiriye ijuru, ati Ni muze mukoranire amazimano menshi y’Imana,


Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan