Daniyeli 2:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)45 Uko wabonye ibuye ryasituwe ku musozi ata maboko arisituye, rikamenagura ivyuma n’imiringa n’ibumba n’ifeza n’izahabu, nuko mugenzi, Imana ihambaye yakumenyesheje ibizoba mu gihe kizoza; kand’ izo nzozi n’iz’ ukuri, insobanuro yazo ntizohinduka. Faic an caibideil |
None, Mana yacu, Mana nkuru, uhambaye uteye ubgoba, ni wewe ugumya isezerano n’ikigongwe, turakwinginze amagorwa yose twabonye ntuyite ikintu coroshe, ayatubayeko twe n’abami bacu, n’abakuru bacu, n’abaherezi bacu, n’abavugishwa bacu, na ba sogokuruza bacu, eka n’abantu bawe bose, uhereye igihe c’abami b’i Ashuri ugashitsa na bugingo n’ubu.