43 Kandi nk’uko wabonye ivyuma bivanze n’ibumba, ni ko bazokwābīrana n’abandi bantu: ariko ntibazofatana, nk’ukw ivyuma bitavangika n’ibumba.
Kandi nk’ukw amano yar’ ikivange c’ivyuma n’ibumba, ni k’ubgo bgami buzomera: igice kimwe kizokomera, ikindi kibe urujo.
Nuko ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.