42 Kandi nk’ukw amano yar’ ikivange c’ivyuma n’ibumba, ni k’ubgo bgami buzomera: igice kimwe kizokomera, ikindi kibe urujo.
Kandi nk’uko wabonye ibirenge n’amano ar’ ikivange c’ibumba n’ivyuma, ni k’ubgo bgami buzoba ubgami butandukanye; muri bgo hazoba inkomezi nk’iz’ ivyuma, nk’uko wabonye ivyuma bivanze n’ibumba.
Kandi nk’uko wabonye ivyuma bivanze n’ibumba, ni ko bazokwābīrana n’abandi bantu: ariko ntibazofatana, nk’ukw ivyuma bitavangika n’ibumba.
Kandi ku vy’ayo mahembe cumi, mur’ ubgo bgami hazokwadukamw’ abami cumi; maze mu nyuma zabo hazoza uwundi mwami; ariko we azogira itandukaniro n’aba mbere, kand’ azonesha abami batatu.
Gihagarara ku musenyi wo ku kiyaga. Mbona igikōko ciburuka kiva mu kiyaga, gifise amahembe cumi n’imitwe ndwi: ku mahembe yaco hārih’ imigāra cumi, no ku mitwe yaco hārih’ amazina y’amarogotano.