Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 2:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 2:39
14 Iomraidhean Croise  

mvuga ivya Kuro, nti N’umwungere wanje, azoshitsa ivyo ngomba vyose; nkavuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwubakwa; nkabarira urusengero, nt’ Itanguriro ryawe rizoshirwaho.


Arambaza, at’ Urazi ikinzanye kuri wewe? Ubu ngira nsubireyo kurwanya segaba w’i Buperesi; kandi ni natabaruka, segaba w’i Bugiriki azoca aza.


Ico gishushanyo, umutwe waco war’ izahabu nziza, kand’ igikiriza n’amaboko vyar’ ifeza, inda n’ibibero vyar’ imiringa,


kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.


Arik’ ubgami bga kane buzokomera nk’icuma: kukw ivyuma ari vyo bimenagura ibintu vyose, bikabijanjagura; kandi nk’ukw ivyuma bifyonyora ivyo vyose, ni k’ubgo bgami buzomenagura bukajanjagura burtyo.


Maze wa wundi arambarira, at’ Ico gikōko ca kane kizoba ubgami bga kane kw isi, kandi buzoba bufise itandukaniro n’ubundi bgami bgose, buzotabagura isi yose, buyisiribange, buyijanjange.


Impfizi y’intama y’amahembe abiri wabonye ni bo bami b’Abamedi n’Abaperesi.


Impfizi y’impene y’ibisambi ni we mwami w’i Bugiriki; kand’ ihembe rinini ryari hagati y’amaso yayo ni we mwami wabo wa mbere.


uwa gatatu wakwegwa n’amafarasi y’ibitare; uwa kane wakwegwa n’amafarasi y’ibibamba mu tugajo.


Umukogote ukwegwa n’amafarasi y’imifyiri ugiye mu gihugu c’i burārūko, ay’ ibitare arayakurikiye; ay’ ibibamba na yo agiye mu gihugu c’i bumanuko.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan