Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 2:38 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 kand’ ah’ abantu baba hose yaguhaye n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibiguruka vyo mu kirēre, ibishira mu kuboko kwawe, iguha kubiganza vyose. Nuko rer’ uwo mutwe w’izahabu ni wewe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 2:38
10 Iomraidhean Croise  

Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, igihe Nebukadineza umwami w’i Babuloni n’ingabo ziwe zose n’abami bo mw isi yose yaganzwa na we, n’ amahanga yose, bāriko bararwana n’i Yerusalemu n’ibisagara vyaho vyose,


Umwami Imana agabura Yehoyakimu umwami w’Abayuda mu maboko yiwe, bo n’ibintu vy’imbombovu bimwe vyo mu ngoro y’Imana, abijana mu gihugu c’i Shinari mu nzu y’imana yiwe; ashira ivyo bintu mu nzu y’ ububiko bg’iyo mana.


Ico gishushanyo, umutwe waco war’ izahabu nziza, kand’ igikiriza n’amaboko vyar’ ifeza, inda n’ibibero vyar’ imiringa,


Kandi mu nyuma zawe hazovyuka ubundi bgami butanganya n’ubgawe gukomera; hanyuma hazovyuka ubundi bgami bga gatatu, buzoganza isi yose.


Izo nzozi ni jewe umwami Nebukadineza nazirose; nuko rero Beluteshaza, enda vuga uko zisobanurwa, kw abanyabgenge bose bo mu gihugu canje badashoboye kummenyesha uko zisobanurwa; ariko weho urabishobora, kukw impwemu z’imana zera ziri muri wewe.


Zirikana mugenzi, Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami n’ubukuru n’ubgiza n’igitinyiro.


Ica mbere casa n’intambge, kandi cari gifise amababa nk’ay’ inkukuma; ndacitegereza, gushitsa ah’ ivyubi vyaco bihanyuwe, gikūrwa hasi, gihagarikwa ku maguru, cēma nk’umuntu, kandi gihabga umutima nk’uw’ umuntu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan