Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 2:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Ariko jewe ubganje, iryo banga sinarimenyeshejwe n’uko mfise ubgenge kuruta umuntu wese mu bakiriho; ariko n’ukugira ng’ umenyeshwe uko bisobanurwa, utahure n’ivyiyumviro vyo mu mutima wawe, mugenzi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 2:30
16 Iomraidhean Croise  

Yosefu yishura Farawo, ati Si jewe mbishobora, Nyaguhora ku ngoma, Imana ni yo ija kukwishura ivy’amahoro.


Urazi iyicara ryanje n’īva hasi ryanje, Umenyera kure ivyo niyumvira.


Kubga Yakobo umusavyi wanje, Isirayeli uwo natoranije, nguhamagaye mw izina, nakwise iry’ icubahiro, nah’ utaribgammenye.


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Nuk’ umwami abgira Daniyeli, ati N’ukuri Imana yanyu ni yo Mana nya mana, ni yo Shebuja w’abami, kandi ni yo ihishura amabanga, kuk’ ushoboye guhishura iryo banga.


Maze Daniyeli asaba umwami ngo Shaduraka na Meshaki na Abedunego bamutwarire mur’ ico gihugu c’i Babuloni; ariko Daniyeli aguma i bgami.


Rāba, Umwe yabumvye imisozi, akarema n’umuyaga, akamenyesha umuntu ivyo yiyumvira, agahindura umutwenzi ukaba umwiza, kand’ agatambagira ku mpinga z’imisozi yo mw isi: izina ryiwe yitwa Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo.


Kand’ iyo misi iy’ itagerurwa ntihorokotse umuntu n’umwe; ariko kubg’ abatoranijwe iyo misi izogerurwa.


Iyaba Umwami Imana itogeruye iyo misi, ntihorokotse umuntu n’umwe, ariko kubg’ abatoranijwe yatoranije, yarayigeruye.


Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha?


Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abāhamagawe nk’uko yabigabiye.


Kukw ivyo vyose biba kubganyu, kugira ng’ubuntu bg’Imana bgongeranishwe n’ukugwira kw’ abantu, bugwize ishimwe, ngo ritere Imana icubahiro.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan