3 Umwami arababgira, ati Narose inzozi, mpagaritse umutima wo kuzimenya.
Baramwishura, bati N’uko twarose inzozi, kand’ akaba ata wushobora kuzidusobanurira. Yosefu arabishura, ati Mbeg’ Imana si yo Nyene gusobanura? Enda ni muzindotorere.
Farawo abarira Yosefu, ati Narose inzozi, none nta wushobora kuzinsobanurira: maze numvise bavuga ko wewe, bakurotorera inzozi gusa, ugashobora kuzisobanura.
Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira.
Mu mwaka ugira kabiri Nebukadineza ari ku ngoma, yarose inzozi; nukw ahagarika umutima, itiro ryiwe riraguruka.
Ndota inzozi zintera ubgoba; ivyiyumviro nagize ndi ku kirwa, bo n’ivyo nerekewe mu mutwe bimpagarika umutima;