Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 2:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ndagukengurukiye, ndaguhimbaza, wewe Mana ya ba sogokuruza, umpaye ubgenge n’ubushobozi, ummenyesheje ivyo twagusavye: kuk’ utumenyesheje ivyo umwami agomba.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 2:23
33 Iomraidhean Croise  

Maz’ Uhoraho arivuganya, ati Mbega Aburahamu nomuhisha ico ngira nkore,


Iy’ itaba Imana ya data yarabanye nanje, Imana ya Aburahamu, iyo Isaka nyene yubaha, ntiwari kubura kundungika nd’inkokore. Imana yabonye umubabaro wanje n’ubutame bganje, maz’ iri joro yarāye irwahukanije.


Maz’ igihe co gutanga ikimazi ca ni kera kigeze, uwo muvugishwa n’Imana Eliya yīgira hafi, aravuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’ umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubg’ ijambo ryawe.


Uhoraho Imana yacu abane natwe, nk’uko yabana na ba sogokuruza bacu; ntaz’ aduhebe, ntaz’ adute,


Ni co catumye Dawidi ashimira Uhoraho imbere y’ikoraniro ryose, akavuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya sogokuruza wacu Isirayeli, ur’ uwo guhimbazwa ibihe bitazoshira.


None rero, Mana yacu, turagukengurukiye, duhimbaje izina ryawe ry’icubahiro.


arasenga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya ba sogokuruza, none si wewe Mana yo mw ijuru? Kandi si wewe ugaba abami bose b’abanyamahanga? Mu kuboko kwawe harimw’ ububasha n’inkomezi, bituma ata woguhagarara imbere.


Wamuhaye ico umutima wiwe wifuza, Ntiwamwimye ico iminwa yiwe yasavye. Sela.


Yagusavye ubugingo, urabumuha, Ni bgo kuramba ibihe bitazoshira.


Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Uz’ ushikanire Imana ikimazi co gukenguruka; Īsumba vyose uyishitsekw amasezerano yawe.


Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


Umunyabgenge yūrira inzitiro z’igisagara c’abahizi, Agasangangura ibikomeye bāri bizigiye.


Umunyabgenge aba uw’ inkomezi, Mber’ umuntu aciye ubgenge yunguka ubushobozi.


Inama nziza n’iyanje, bo n’ ubgenge bushitse, Ni jewe kumenya, ndi n’inkomezi.


Ubgenge bubera umunyabgenge ububasha kuruta abatware cumi bari mu gisagara.


Maze ndavuga, nt’ Ubgenge buruta inkomezi: yamara rero, ubgenge bga wa mworo bgarakēngerewe, n’ amajambo yiwe ntibaba bakiyemera.


Ubgenge buruta ibirwanishwa vy’intambara, arik’ umunyavyaha umwe adabanganya ivyiza vyinshi.


Kur’ uwo musi uzovuga, ut’ Uhoraho, ndagukengurukiye, kuko naho wandakiye, uburake bgawe burahwamye, nawe uramporahoje.


ati Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye.


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


kugira ngo basabe Imana yo mw ijuru, ibagirire imbabazi, ibamenyeshe ayo mabanga, kugira ngo Daniyeli na bagenzi biwe ntibagesezanywe n’abandi banyabgenge b’i Babuloni.


Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.


Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.


Uwo mwanya anezererwa cane muri Mpwemu Yera, aravuga, ati Ndaguhimbaza Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya. Ego me Data, kuko washimye ko biba birtyo imbere yawe.


Nuko bakūrah’ ikibuye. Buno Yesu ararangamiza, ati Data, ndagushima ko wanyumvirije.


Sinkibita abashumba, kuk’ umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh’ Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan