Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Umwami aca ahamagaza abanyamarēba n’abapfumu n’abarozi n’Abakaludaya, ngo bamubarire inzozi ziwe. Nuko bararenguka, bahagarara imbere y’umwami.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 2:2
16 Iomraidhean Croise  

Bukeye, ahagarika umutima, atuma guhamagaza abanyamareba bose bo muri Egiputa n’abanyabgenge baho bose: Farawo abarotorera inzozi ziwe: ariko ntihagira ūshobora kuzimusobanurira.


Maz’ umwami aca abaza abanyabgenge bazi uko vyahora bigenda mu bihe vyashize; (kuk’ ukw ari k’umwami yahora agenza ku bazi ivyagezwe n’imanza bose).


Farawo na we ahamagaza abanyabgenge n’abapfumu: abo ni bo banyamarēba bo muri Egiputa, na bo babigira bartyo, babikoresheje amarēba yabo.


Umutima wa Egiputa uzokamangana, nanje nzokwica imigabo yaho; bazoja gusiguza ibigirwamana n’abavovota n’abahamagara imizimu bo n’abamenyi.


Kandi ni bababgira, ngo Ni mubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira bongorera: mbeg’ ikibereye abantu ntibāri bakwiye kubaza Imana yabo? Mbeg’ ivy’ abariho vyobazwa abapfuye?


Mw ijambo ryose ry’ubgenge no kumenya, ico umwami yababaza, yasanga barusha abanyamarēba n’abapfumu bose bo mu gihugu ciwe cose ibihetangabo cumi.


b’imisore batagira agasembga, ariko b’indanga, bar’ uburyo mu vy’ubgenge bgose, b’abahanga mu vyo kumenya, b’insorongozi mu vy’ubgenge, kandi babereye gukora i bgami; kugira ngw abigishe inyandiko y’Abakaludaya n’ururimi rwabo.


Maz’ Abakaludaya bishura umwami, bati Mwami, nta muntu n’umwe wo kw isi yoshobora kukumenyesha iryo jambo; kukw ata mwami cank’ umuganwa cank’ umutware yigeze gusobanuza umunyamarēba n’umwe cank’ umupfumu cank’ Umukaludaya ben’ iryo jambo.


Daniyeli yishura umwami, at’ Ibanga wasobanuza nta banyabgenge boshobora kurikumenyesha mwami, cank’ abapfumu cank’ abanyamarēba cank’ abamenyi;


Maz’ uwo mwanya Abakaludaya bamwe bīgira hafi barega Abayuda.


Es’ ukuntu ibimenyetso vyayo ar’ ibikomeye, n’ibitangaza vyayo ar’ ibihambaye! Ubgami bgayo n’ ubgami butazoshira, kand’ ingoma yayo izohangama ukw ibihe bikūranwa.


kubg’ ivyo mpamagaza abanyabgenge bose b’i Babuloni, kugira ngo bammenyeshe izo nzozi uko zisobanurwa.


Umwami ahamagara n’ijwi rirenga ngo bamuzanire abapfumu n’Abakaludaya n’abamenyi. Umwami abarira abo banyabgenge b’i Babuloni, at’ Ūshobora gusoma iyo nyandiko, akambarira ukw isobanurwa, arambikwa impuzu z’inyambarabami, n’umugufu w’ izahabu mw izosi, kand’ azoba uwa gatatu mu bakuru baganza igihugu.


Bukeye Abafilisitiya bahamagara abaherezi n’abapfumu, barababaza, bat’ Iyi sandugu y’Uhoraho tuyigenze dute? Tuyirungikane n’iki, mu ko tuyisubiza ahantu hayo?


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan