18 kugira ngo basabe Imana yo mw ijuru, ibagirire imbabazi, ibamenyeshe ayo mabanga, kugira ngo Daniyeli na bagenzi biwe ntibagesezanywe n’abandi banyabgenge b’i Babuloni.
kumbure mu bagororotsi mirongwitanu hazoburamwo batanu, none worandura igisagara cose, kuko habuze batanu? Aramwishura, ati Sinzokirandura, mbonyeyo mirongwine na batanu.
Ni mushime Imana yo mw ijuru, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira.
Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.
Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.
Ngo Kumbure Uhoraho Imana yawe yokwumva amagambo ya Rabushake, ayo shebuja umwami w’i Ashuri yamutumye gutuka Imana nzima, Uhoraho Imana yawe akamuhana kubg’ ayo magambo yumvise. Ngo Nuko rero, shirak’ usenge, usabire amasigarira agisigaye.
ati Mpamagara, nanje ndakwitaba, nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, ivy’ utaribgamenye.
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ab’ inzu ya Isirayeli bazosubira kunsigūza ivyo, kugira ngo mbibakorere: nzobagwiriza abantu nk’umukuku.
Ndagukengurukiye, ndaguhimbaza, wewe Mana ya ba sogokuruza, umpaye ubgenge n’ubushobozi, ummenyesheje ivyo twagusavye: kuk’ utumenyesheje ivyo umwami agomba.
Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi.
Kandi nk’uko bāgeze kw igishitsi n’imizi vy’ico giti birekerwaho, ni k’ubgami bgawe buzogumaho ar’ ubgawe, gushitsa umaze kumenya kw ijuru ari ryo riganza.
Arabishura, ati Nd’ Umuheburayo, nubaha Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, yaremye ikiyaga n’i musozi.
Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.
Mugira ngw iki? Umuntu afise intama ijana, imwe yozimira, ntiyosiga zimwe mirongwicenda n’icenda, akagenda mu misozi kurondera iyazimiye?
Kandi ndababgira ukuri yukw ababiri muri mwebge ni bahuriza inama mw isi gusaba ikintu cose, Data wo mw ijuru azokibakorera
Amaze kumufata, amushira mw ibohero, amuha abasoda cumi na batandatu kumurinda ari bane‐bane, agira ngw az’ amushikirize abantu, Pasika ishize.
Nuko ndabinginga, bene Data, kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, no kubg’ urukundo ruva kuri Mpwemu, murwanane nanje munsabire Imana,
Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka,
Dawidi atakw aravuga, at’ Uhoraho yagiye andokora mu nzāra z’intambge no mu z’idubu, arandokora no mu maboko y’uwo Mufilisitiya. Nuko Sauli abarira Dawidi, ati Nuko genda; Uhoraho abane nawe.