16 Maze Daniyeli arinjira, asaba umwami ngw amuhe igihe az’ aze kumumenyesha uko bisobanurwa.
Uburake bg’umwami ni nk’ intumwa zo kugeseza, Arik’ umuntu w’umunyabgenge arabuhwamika.
Abaza Ariyoki umushibamyi w’umwami, at’ Igituma habaye icagezwe c’ikibiriraho kivuye ku mwami n’iki? Nuko Ariyoki abimenyesha Daniyeli ivy’ ari vyo.
Nuko Daniyeli aja i we, abimenyesha bagenzi biwe, Hananiya na Mishayeli na Azariya,