9 Aranyishura, at’ Igīre, Daniyeli; kukw ayo majambo ar’ akabanga, amatanishijwe ishashara idomyemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo.
Ukwerekwa kwose kwabahindukiye nk’ amajambo yo mu gitabo kimatanishijwe ishashara, iyo bagihaye umuntu azi gusoma, bat’ Enda se soma iki: akabishura, ati Sinshobora, kuko kimatanijwe;
Andika ivyo washingiye intahe, ubimatanishe ishashara, ubihe abigishwa banje babishirek’ umutima.
Nuko none nzanywe no kugutahuza ibizoba ku bgoko bganyu mu misi y’iherezo; kukw ivyo weretswe ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.
Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.
Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.
Ndavyumva, ariko sinabitahura; nca ndabaza, nti Databuja, ikizoherukira ibindi mur’ ivyo n’ikihe?
Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.
Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.