Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 12:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 12:7
30 Iomraidhean Croise  

ati Ndahiye uguhoraho kw’ Imana, ari yo yandīririye urubanza, Ni yo Īshobora vyose, yagiriye nabi ubugingo bganje,


Kandi bazobita Ihanga ryera, Abācunguwe n’Uhoraho; kand’ uzokwitwa Ahārondewe, Umurwa utāhebge.


kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.


Ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ku musi natoranijeko Isirayeli, nkamanika ukuboko ndahiye uruvyaro rw’inzu ya Yakobo, nkabiyerekera mu gihugu ca Egiputa, igihe namanika ukuboko mbarahira, nti Nd’Uhoraho Imana yanyu;


Nunamuye amaso mbona umuntu yambaye impuzu zera, akenyeje izahabu nziza zavuye muri Ufazi.


kuk’ umwami w’i burārūko azogaruka, akagomora ingabo ziruta iza mbere; hashize imyaka azozana ingabo nyinshi n’isanduruma y’intekera.


Umwe abaza wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, at’ Ivyo bitangaza bizoshitsa ryari?


Ndavyumva, ariko sinabitahura; nca ndabaza, nti Databuja, ikizoherukira ibindi mur’ ivyo n’ikihe?


Iryo jambo umwami akirikūra mu kanwa, haza ijwi rivuye mw ijuru, riti Yewe mwami Nebukadineza, ni wewe ubarirwa; ubgami ubukūwemwo.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Maze nitegereje mbona iryo hembe rirwanya abera, rirabanesha,


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Aranyishura, ati Buzokwira buce imisi ibihumbi bibiri n’amajana atatu; ni ho ahantu hēra hazobona guhumanuka.


Ububasha bgiwe buzoba bukomeye, ariko ntibuzoba ar’ ububasha bgiwe ubgiwe. Azogeseza bitangaje, akore ivyo yigombeye, atunganirwe; azogeseza abahambaye bo n’ubgoko bg’abera.


Nukw ibi mubishirekw imitima, yuko mudakwiye kubanza kwiyumvira ivyo muzokwireguza:


Bazokwicwa n’ubugi bg’inkota, bazojanwa mu mahanga yose ar’inyagano: kand’ i Yerusalemu hazosiribangwa n’abanyamahanga, kugeza ah’ ibihe vy’abanyamahanga bizoshirira.


kugira ngw abasumbishe ayandi mahanga yose yaremye, muyarushe gushemagizwa no kwāmāmara no kwubahwa, mubere Uhoraho Imana yanyu ihanga ryera, nk’uko yavuze.


Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Azokwirīmbūra ku vyo agirira abashumba biwe, Ni yabona yuk’ ubushobozi bgabo buheze, Ata wugisigaye, n’iyo yoba imbohe cank’ uwidegemvya.


Mbere mmanitse ukuboko kwanje, ndagutunze mw ijuru, Nti Ndahiye ukubaho kwanje, nk’uko namah’ ibihe vyose,


Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu; kand’ Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu mahanga yose yo mw isi ngo mube ihanga yiharije.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


Umugore ahabga amababa abiri y’inkukuma nini, kugira ngw agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, ah’ agaburirirwa igihe n’ibihe n’igice c’igihe, arindwa ico kiyoka.


Umugore ahungira mu bugaragwa, ah’ afise ahantu yateguriwe n’Imana, kugira ngo bamugaburirireyo imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu.


Gihabga akanwa kavuga ibihambaye n’ivyo kurogota: gihabga n’ubushobozi bgo gushishikara amezi mirongwine n’abiri.


ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan