5 Maze jewe Daniyeli nditegereza, mbona abandi babiri bahagaze, umwe ku nkombe yo hakuno y’uruzi, uwundi ku yo hakurya.
Nuko haza ukuboko kunkorako, bituma mpfukamika amavi n’ibiganza njugumira.
Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe.
Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.
Umwe abaza wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, at’ Ivyo bitangaza bizoshitsa ryari?