Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 kand’ ibigirwamana vyabo na vyo, n’ibishushanyo vyavugutiwe, n’ibintu vyabo vyiza‐vyiza vy’imbombovu vy’ifeza n’ivy’ izahabu, azobinyaga abijane muri Egiputa; maz’ azomara imyaka aretse umwami w’i burārūko.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:8
17 Iomraidhean Croise  

None ko war’ ugomvye kugenda ni koko, kuk’ ukumbuye cane i wanyu; ariko n’iki catumye wiba imana zanje?


Abafilisitiya batayo ibigirwamana vyabo; Dawidi n’ ingabo ziwe barabijana.


Kuko mur’ iryo joro nyene nzoca mu gihugu ca Egiputa, nkica abana bose b’ imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku muntu no ku gitunzwe; kand’ imana z’Abanyegiputa zose, amatēka nziciriyeko zose nzoyashitsa: nd’ Uhoraho.


no ku māto yose y’i Tarushishi, no ku bishushanyo vyose binezereza.


bātereye imana zabo mu muriro; ariko ntizar’ imana nya mana, zar’ izakozwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye; ni co catumye bazihonnya.


Uhoraho Nyen’ ingabo, ni we Mana y’Abisirayeli, aravuga, ati Nzohana Amona ikigirwamana c’ ahitwa No, na Farawo na Egiputa n’imana zaho n’abami baho; mbere Farawo nzomuhanana n’abamwizigira.


Nta binōbōye narya, nta nyama canke vino vyangera no mu kanwa kandi sinaruha nīsīga amavuta, gushitsa ah’ ayo mayinga ukw ar’ atatu yose ashiriye.


Hanyuma uwo mwami na we azotera igihugu c’umwami w’i bumanuko, maz’ asubire mu gihugu ciwe.


Naho yorondoka muri bene se, umuyaga uturutse i burasirazuba uzoza, ni wo muyaga w’Uhoraho udūga uvuye mu bugaragwa; isōko yiwe izokamuka, iriba ryiwe rigaduke: azonyagwa itunga ry’ibintu vyiwe vyose vy’imbombovu bihimbaye.


Kukw ico kigirwamana candurutse ku Bisirayeli, umukozi ni we yagikoze: ereg’ ico s’Imana nya mana: mber’ iyo masa y’i Samariya izovunagurwa.


Basiga Abanyegiputa bagihamba imfura zabo zose, Uhoraho yatsinze hagati muri bo; kand’ Uhoraho yari yaciriyekw iteka imana zabo.


Muze musangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye bāshinze, muturire inkingi bāshingiye Ashera, mutemagure n’ ibishushanyo bibājwe vy’ibigirwamana vyabo, muzimirize amazina yavyo aho hantu vyahora.


Arabishura, ati Ko munsahuye imana zanje nironkeye, n’umuherezi wanje, mukīgīra mugasiga munyogeje, none murambaza, muti N’ibiki?


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan