Daniyeli 11:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 Ariko mu ngundu zo ku gishitsi c’i wabo hazovyuka ūzosubira ku ngoma ya se, azoja mu ngabo, atere amaboma y’ umwami w’i burārūko ayinjire, abaho abagire ukw agomba, agire intsinzi; Faic an caibideil |
Hashize imyaka bazokwuzura, kuk’ umukobga w’umwami w’i bumanuko azoja kwābīrwa ku mwami w’i burārūko, ngo bibuzuze; arik’ ubushobozi bg’uwo mukobga buzoyongayonga, kand’ uwo mwami na we ntazohangama, cank’ ububasha bgiwe; arik’ uwo mukobga azotanganwa n’abamuzanye n’umuvyeyi wiwe, n’uwamushigikira ico gihe.