Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Hashize imyaka bazokwuzura, kuk’ umukobga w’umwami w’i bumanuko azoja kwābīrwa ku mwami w’i burārūko, ngo bibuzuze; arik’ ubushobozi bg’uwo mukobga buzoyongayonga, kand’ uwo mwami na we ntazohangama, cank’ ububasha bgiwe; arik’ uwo mukobga azotanganwa n’abamuzanye n’umuvyeyi wiwe, n’uwamushigikira ico gihe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:6
9 Iomraidhean Croise  

Kand’ abanyakibi bakwa umuco wabo, N’ukuboko kubanguwe kuravunika.


Mu nzira ziwe zose nta co yinona. Amateka yawe ari hejuru cane, arenze ah’ ijisho ryiwe rishika: Abansi biwe bose arabakanira.


riti Mwana w’umuntu, navunnye ukuboko kwa Farawo, umwami wa Egiputa; ntikwarushe gutubikwa canke ngo gusomōzwe imiti, ntikwanashizwekw igitambara co kugutubika ngo gukire, kubone kuzofata inkota.


kuk’ umwami w’i burārūko azogaruka, akagomora ingabo ziruta iza mbere; hashize imyaka azozana ingabo nyinshi n’isanduruma y’intekera.


Nuk’ umwami w’i burārūko azoza, atere ibisagara bikikijwe n’inzitiro z’amabuye zikomeye, abirundire ibigunguzi vyo kwūririrako, abineshe; arikw ingabo z’uw’ i bumanuko, bo n’intōre ziwe, ntizizomushobora; ntihazoboneka inkomezi zo kumushobora.


Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.


Ariko mu ngundu zo ku gishitsi c’i wabo hazovyuka ūzosubira ku ngoma ya se, azoja mu ngabo, atere amaboma y’ umwami w’i burārūko ayinjire, abaho abagire ukw agomba, agire intsinzi;


Kuko rāba, nzohagurutsa umwungere mu gihugu, atazobabara izizimiye, kandi ntazorondera izāsābagiye, n’ izivunitse ntazozunga, canke ngw aragire izigihagaze; arikw azorya inyama z’izivyibushe, mber’ azoguguna n’inzāra zazo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan