5 Nuk’ umwami w’i bumanuko azoba ūkomeye; arik’ umwe wo mu baganwa biwe azomurusha ububasha, agire inganji; kand’ inganji yiwe izoba ihambaye cane.
Maz’ umwami w’i bumanuko azoshungumirwa, azorekuka arwane n’umwami w’i burārūko; azogomora ingabo nyinshi, maz’ ingabo z’umwami w’i burārūko zizogwa mu maboko y’umwami w’i bumanuko.
Ico gihe benshi bazokūrira hasi umwami w’i bumanuko, kand’ abantu b’ibirara bo mu bgoko bganyu bazogumuka bashitse ivyerekanywe mu nzozi, ariko bazohenuka.
Maz’ azokwiyungunganya mu bubasha bgiwe n’ ubugabo, azogomora ingabo nyinshi atere umwami w’i bumanuko; kand’ umwami w’i bumanuko azokwitabara mu ntambara, afise ingabo nyinshi cane z’ubuhizi; ariko ntazomuhagarara mu mutwe, kuko bazomuryaruka.
Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.
Umukogote ukwegwa n’amafarasi y’imifyiri ugiye mu gihugu c’i burārūko, ay’ ibitare arayakurikiye; ay’ ibibamba na yo agiye mu gihugu c’i bumanuko.