Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:45 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Azoshinga amahema yiwe y’ ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza; yamar’ ageze ku musi w’iherezo ryiwe nta wuzomutabara.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:45
29 Iomraidhean Croise  

Umusozi Siyoni, uri mu ruhande rw’i burārūko, Igihagararo cawo ni ciza, ni wo binezaneza vy’isi yose, Ni wo murwa w’Umwami ahambaye.


Nuko jewe Umwami Imana ni namara guheraheza ivyo nzogirira umusozi Siyoni n’i Yerusalemu vyose, nzoca mpana umutima w’ubgibone w’umwami w’i Ashuri, n’ubugabo bgo mu maso hiwe arābana agakēngērwe.


Hose ku murwa wanje wera ntihazoba hakir’ ibiryana cank’ ivyica; kuko kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.


Wari warībariye mu mutima, uti Nzodūga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana; uti Nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’ impera y’i burārūko;


Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’ amahanga yose azosendanisha aja kuri wo.


Maze kur’ uwo musi inzamba niniya izovuzwa; kandi hazoza abāriko barahona mu gihugu ca Ashuri, n’abirukanywe mu gihugu ca Egiputa; bazosengera Uhoraho ku musozi wera i Yerusalemu.


Ibingira n’umwagazi w’intama bizorīshanya; intambge izorīsha ubgatsi nk’inka; kand’ umukungugu ni wo uzoba ivyo kurya vy’inzoka. Ntibizoryana canke ngo bigire ico vyica ku musozi wanje wera iy’ uva ukagera, ni k’Uhoraho agize.


Nuko bazozana bene wanyu bose babakūye mu mahanga yose kw ishikanwa ryanje Uhoraho, bazoza bagendera ku mafarasi no mu mikogote ikwegwa na yo, no mu nderuzo no ku nyumbu no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje wera Yerusalemu, ni k’Uhoraho agize; bizoba nk’ ukw Abisirayeli bahora bazana amashikanwa yabo mu nzu yanje Uhoraho, bayazanye mu bintu bitunganye.


nzoguhindukiza ngushorere, nkudūgane uvuye ahahera i burārūko, ngushikane ku misozi y’i Bgisirayeli;


Arik’ ūzoba amuteye azogira nk’uko yigombeye, kandi nta wuzomuhagarara mu ruhanga; nukw azohagarara mu gihugu c’ubgiza, ukuboko kwiwe kurimwo kugeseza.


Azoshika no mu gihugu c’ubgiza; henshi hazotikizwa, arikw abazokira amaboko yiwe n’Abanyedomu n’Abanyamowabu n’igihimba gikomeye c’ Abamoni.


Arikw inkuru zivuye i burasirazuba n’i burārūko zizomuhagarika umutima, azovayo afise uburake bginshi, ajanywe no kugeseza no gutikiza benshi.


Nukw icuma n’ibumba n’umuringa n’ifeza n’izahabu bica bimenagurikira rimwe, bicika nk’umuguruka wo ku mbuga basekurirako mu ci; umuyaga urabitumura, maz’ aho vyahora ntihaba hakiboneka: maz’ iryo buye ryikubise kur’ ico gishushanyo ricika umusozi munini, ryuzura isi yose.


Arikw imanza zizoshingwa, bamwake ingoma yiwe, bayikombore, bayihenebereze, gushitsa ku muhero.


Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko.


Bgirukiro, ndakwinginze, kubg’ ukugororoka kwawe kwose, kūra uburake bgawe bg’inkazi ku murwa wawe Yerusalemu umusozi wawe wera; kuko kubg’ ivyaha vyacu n’ibigabitanyo vya ba sogokuruza bacu, Yerusalemu n’abantu bawe vyahindutse agatukisha ku badukikije bose.


Nuko nkivuga, nsenga nātura icaha canje n’ic’ ubgoko bgacu bg’Abisirayeli, kandi ngitakambira Uhoraho Imana yanje umusozi wayo wera;


Ariko ba bansi b’i burārūko nzobabashira kure, ndabahindire mu gihugu c’ikigatwa c’akāhebge, ab’ imbere mbasuke mu kiyaga c’i burasirazuba, ab’ inyuma mu c’i burengerazuba; kand’ umunuko wabo uzoduhuka, bo n’agacūku k’ibore ryabo na ko n’uko, kuko bākoze ibihambaye.


Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Kandi kur’ uwo musi amazi y’ubugingo azova i Yerusalemu; amazi amwe azotembera mu kiyaga c’i burasirazuba, ayandi mu kiyaga c’i burengerazuba. Bizoba birtyo mu ci no mu mvura.


ruvuye muri Asimoni, rukebanuke, rushike ku mugezi wa Egiputa, rugarukire ku Kiyaga Kinini.


umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.


Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.


Namb’ umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb’ umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira bo n’ukwizera kwabo.


Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,


Baradūga bakwira isi yose, bakikiza ah’ ingabo z’abera zishagaje, na ca gisagara gikundwa. Umuriro uratibuka uvuye mw ijuru, urabarigata.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan