Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Arikw inkuru zivuye i burasirazuba n’i burārūko zizomuhagarika umutima, azovayo afise uburake bginshi, ajanywe no kugeseza no gutikiza benshi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:44
8 Iomraidhean Croise  

Maz’ umwami w’i bumanuko azoshungumirwa, azorekuka arwane n’umwami w’i burārūko; azogomora ingabo nyinshi, maz’ ingabo z’umwami w’i burārūko zizogwa mu maboko y’umwami w’i bumanuko.


Kukw amāto y’i Kitimu azomutera, azotuma atinyirira amagara, asubire inyuma; azoshungumirirwa isezerano ryera, akore nk’uko yigombeye; mber’ azosubirayo, ashire umutima ku bātaye isezerano ryera.


Azoganza itunga ry’izahabu n’ifeza n’ibintu vyose vy’igiciro vyo muri Egiputa; Abalibuwa n’Abanyetiyopiya bazomukakako.


Azoshinga amahema yiwe y’ ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza; yamar’ ageze ku musi w’iherezo ryiwe nta wuzomutabara.


Uwa gatandatu asuka urwavya rwiwe mu ruzi runini Efurate. Amazi yarwo arakama, kugira ngw inzira y’abami bava i burasirazuba yitegurwe.


Abo bahūza inama, baha ca gikōko ububasha bgabo n’ubutware bgabo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan