Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:43 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Azoganza itunga ry’izahabu n’ifeza n’ibintu vyose vy’igiciro vyo muri Egiputa; Abalibuwa n’Abanyetiyopiya bazomukakako.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:43
9 Iomraidhean Croise  

Azanana n’ imikogote y’intambara igihumbi n’amajana abiri, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi mirongwitandatu, n’ingabo zitoharūrika zivanye na we muri Egiputa: Abalubimu n’Abasukimu n’Abanyetiyopiya.


Kand’ aba banyarugo bawe bose bazomanuka baze iyo ndi, bankomere ibōbo, bati N’ugende, mwe n’abantu bose bagukondoreye inyuma. Aho ni ho nzoca ngenda. Nuko Mose arasohoka ava imbere ya Farawo, aratse cane.


ab’ i Buperesi n’abo muri Etiyopiya n’ab’ i Puti bazoba bari kumwe na bo, bose bari n’inkinzo n’inkofero z’ivyuma;


Nukw azoshingiriza ukuboko ibihugu bitari bimwe, kandi n’igihugu ca Egiputa ntikizokira.


Arikw inkuru zivuye i burasirazuba n’i burārūko zizomuhagarika umutima, azovayo afise uburake bginshi, ajanywe no kugeseza no gutikiza benshi.


Isinzi ry’Abanyetiyopiya n’ Abanyegiputa ni bo bār’ inkomezi zaho; Abaputi n’Abalubimu bār’ abatabazi baho.


Bukeye Baraki ahamagaza Abazebuloni n’Abanafutali ngo bakoranire i Kedeshi; nukw ingabo ibihumbi cumi ziradūga zimukōndōreye inyuma, na Debora na we barajana.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan