42 Nukw azoshingiriza ukuboko ibihugu bitari bimwe, kandi n’igihugu ca Egiputa ntikizokira.
kandi nzotuma Abanyegiputa bahindukira, bave mu ngoyi zabo, mbasubize mu gihugu c’i Patirosi, ari co c’amāmo yabo; maze bazohagirira ubgami bg’inkēngērwa.
Azoshika no mu gihugu c’ubgiza; henshi hazotikizwa, arikw abazokira amaboko yiwe n’Abanyedomu n’Abanyamowabu n’igihimba gikomeye c’ Abamoni.
Azoganza itunga ry’izahabu n’ifeza n’ibintu vyose vy’igiciro vyo muri Egiputa; Abalibuwa n’Abanyetiyopiya bazomukakako.
Arik’ umuntu wese wo mu miryango yose yo kw isi atazodūga ngw aje i Yerusalemu gusenga Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo, i wabo ntihazokoroka imvura;
Imivyimba yabo izogangarara mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo yabambge.