Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:37 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Kandi ntazobabara imana za ba sekuruza, cank’ imana isengwa n’abagore, cank’ iyindi mana yose; kukw azokwishira hejuru gusumba zose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:37
14 Iomraidhean Croise  

Kand’ abarira uwo mugore, ati Nzogwiza rwose umubabaro wawe ufise inda; uzokwama uvyara abana ubabara; kand’ umugabo wawe uzomuhoranira inyota, na we azokuganza.


kukw Imana izi yuk’ umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’ Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.


Nd’ uw’ umukunzi wanje, Na we ndamuteye igomwe.


Wari warībariye mu mutima, uti Nzodūga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana; uti Nzovyagira ku musozi w’ikoraniro mu ruhande rw’ impera y’i burārūko;


uti Nzodūga ndenge ah’ ibicu bigarukira; nzoba nk’ Īsumba vyose.


riti Mwana w’umuntu, rāba, ngira nkwake ico wamizakw amaso, bije giturumbuka: ntuz’ uboroge canke ng’ urire, kand’ amosozi yawe ntācundugute.


riti Mwana w’umuntu, barira segaba w’i Tiro, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umutima wawe ko wishize hejuru, kand’ ukavuga, ng’ ur’ Imana, ng’ uvyagiye ku ntebe y’Imana hagati mu kiyaga; yamar’ ur’ umuntu buntu, ntur’ Imana, naho mu mutima wawe wigereranya na yo;


Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.


Ariko mu gishingo cazo azokwubaha imana y’amaboma; mber’ imana ba sekuruza batigeze kumenya azoyubahisha kuyishikanira izahabu n’ifeza n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’ibintu vy’igikundiro.


Nuko ryīgira agahambaye, mbere ryiringaniza n’umugabisha w’izo ngabo, rimunyaga ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, inyubako z’ahēra hiwe zirasangangurwa.


ni hagira ūbona mu banyagano umwigeme mwiza cank’ umugore, akamugomwa, akagomba kumwābīra;


Kandi ntukifuze umugore wa mugenzawe, ntukifuze inzu ya mugenzawe, cank’ itongo ryiwe, cank’ umugurano wiwe, cank’ umuguranokazi wiwe, cank’ inka yiwe, cank’ indogoba yiwe, cank’ ikintu na kimwe ca mugenzawe.


umurwanizi yishira hejuru y’icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukw azokwicara mu rusengero rw’ Imana, yiyerekana ngo n’Imana.


baziza kwābīrana, baziza n’ivyo kurya, kand’ ari vyo Imana yaremye kugira ngw abizera, bakamenya ivy’ ukuri, babirye bashima.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan