Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Kukw amāto y’i Kitimu azomutera, azotuma atinyirira amagara, asubire inyuma; azoshungumirirwa isezerano ryera, akore nk’uko yigombeye; mber’ azosubirayo, ashire umutima ku bātaye isezerano ryera.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:30
13 Iomraidhean Croise  

Aba Yavani ni Elisha na Tarushishi na Kitimu na Dodanimu.


Aba Yavani ni Elisha na Tarushishi na Kitimu na Dodanimu.


Maze mvyitegereje mmenya kw atar’ Imana yabimutumye, ariko yaje kubimbgira kuko Tobiya na Sanibalati bāri bāmuhēreye.


Imbūri yo kuri Tiro. Boroga, yemwe māto y’i Tarushishi: kukw i Tiro hageseye, bigatuma ata mazu akiriho, ata n’aho gutaha; izo nkuru bazibgiwe zivuye mu gihugu c’i Kupuro.


Aravuga, ati Ntugisubira kunezerwa, wa nkumi y’i Sidoni yononekaye; va hasi ujabuke uje i Kupuro, kandi n’iyo na ho ntuzoharonka uburuhukiro.


Enda ni mujabuke ku bizinga vy’i Kitimu, murābe; mutume i Kedari, mwitegereze mushirutse umwete; murābe ko higeze kuboneka ikintu nk’iki.


Mu biti vy’imyeloni vy’i Bashani ni vyo bākubāziyemw’ ingafe; intebe zawe bāzibāje mu mbaho z’imiteyashuri zākūwe mu bizinga vyo mu kiyaga vyitwa i Kitimu, bazishazishije kuzidombagizak’ utubaru tw’amahembe y’inzovu.


Nukw azosubirana mu gihugu ciwe ibintu vyinshi; kand’ umutima wiwe uzoba wanse isezerano ryera, azokora nk’uko yigombeye, maz’ asubire mu gihugu ciwe.


Nuko mu gihe cashinzwe azosubira kuja gutera i bumanuko; arikw ico gihe co hanyuma ntikizomera nk’ica mbere.


Īsumba vyose azoyivugakw amajambo y’agatītūro, kand’ azocobogoza abera b’Īsumba vyose. Azoja imigabo yo guhindura ibihe n’ivyagezwe; kandi bazorekerwa mu maboko yiwe kugeza ah’ igihe n’ibihe n’igice c’igihe bizoshirira.


Arikw amato azoza, aturutse ku nkombe y’i Kitimu, Aneshe Ashuri, aneshe na Eberi, Maze na bo nyene bazorandurwa.


Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana.


Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’ Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan