29 Nuko mu gihe cashinzwe azosubira kuja gutera i bumanuko; arikw ico gihe co hanyuma ntikizomera nk’ica mbere.
Wa rembo we, boroga! Nawe gisagara, urire! Bufilisitiya we, iy’ uva ukagera hose, urayaze nk’amavuta, kukw i burārūko havuye umwotsi, kandi nta wusigara yikwega mu ngabo ziwe.
Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.
Kandi hagize umuntu yifatanya na we, azoca mu bugunge, kukw azodūga akaba ūhambaye, nah’ azoba afise abantu bake.
Maz’ azokwiyungunganya mu bubasha bgiwe n’ ubugabo, azogomora ingabo nyinshi atere umwami w’i bumanuko; kand’ umwami w’i bumanuko azokwitabara mu ntambara, afise ingabo nyinshi cane z’ubuhizi; ariko ntazomuhagarara mu mutwe, kuko bazomuryaruka.
Nukw azosubirana mu gihugu ciwe ibintu vyinshi; kand’ umutima wiwe uzoba wanse isezerano ryera, azokora nk’uko yigombeye, maz’ asubire mu gihugu ciwe.
Kukw amāto y’i Kitimu azomutera, azotuma atinyirira amagara, asubire inyuma; azoshungumirirwa isezerano ryera, akore nk’uko yigombeye; mber’ azosubirayo, ashire umutima ku bātaye isezerano ryera.
Arambgira, at’ Umve ngira nkumenyeshe ibizoba mu gihe c’uburake bgo kw iherezo; kukw ar’ ivy’ igihe c’iherezo cashinzwe.
Kandi yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose, yashinze ibihe vy’imyaka ko bikūranwa uko yageze, icira abantu imbibe z’aho baba,
Arikw aganzwa n’abamuzigama n’ababgiriza kugeza mu kibariro cashinzwe na se.