Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Nukw azosubirana mu gihugu ciwe ibintu vyinshi; kand’ umutima wiwe uzoba wanse isezerano ryera, azokora nk’uko yigombeye, maz’ asubire mu gihugu ciwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:28
7 Iomraidhean Croise  

Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko.


Abo bami bompi imitima yabo izoba iyo gukora ikibi; bazovugana ibinyoma bari ku meza amwe: arikw ivyabo ntibizororana, kukw iherezo rizoza mu gihe cashinzwe.


Nuko mu gihe cashinzwe azosubira kuja gutera i bumanuko; arikw ico gihe co hanyuma ntikizomera nk’ica mbere.


Izo ngabo bo n’ico kimazi gihora gitangwa, bigaburwa mu maboko yaryo kubg’ igicumuro. Ivy’ ukuri ribishiburira hasi, maze rikora ivyo ryigombeye, riratunganirwa.


Ububasha bgiwe buzoba bukomeye, ariko ntibuzoba ar’ ububasha bgiwe ubgiwe. Azogeseza bitangaje, akore ivyo yigombeye, atunganirwe; azogeseza abahambaye bo n’ubgoko bg’abera.


Namwe mur’ abana b’abāvugishwa n’Imana, kandi mur’ ab’ isezerano Imana yasezeranye na ba sogokuruza banyu, ibarira Aburahamu, iti Mu ruvyaro rwawe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan