Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Abo bami bompi imitima yabo izoba iyo gukora ikibi; bazovugana ibinyoma bari ku meza amwe: arikw ivyabo ntibizororana, kukw iherezo rizoza mu gihe cashinzwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:27
24 Iomraidhean Croise  

Maze Abusalomu aramubarira, ati None rero k’utaje, urungike mukurwanje Amunoni, aze tujane. Umwami aramubaza, at’ Ugombera iki ko mujana?


Bose barabeshana, umuntu wese na mugenzi we: Bavugisha iminwa ihemana n’imitima ibiri.


Wa muhizi we, n’iki gitumye wirata inzigo? Imbabazi z’Imana zihorah’ ibihe vyose.


Oyaye, mugabo mukorera ivyo kugabitanya mu mitima yanyu; Umuryano w’amaboko yanyu ni wo rubanza mucira mu gihugu.


N’ukuri abafafara ni nk’impwemu zihumetswe, kand’ abahambaye n’ibinyoma gusa: Ni bashirwa ku munzane, bazoteruka gusa; Bose hamwe bahwahutse kurusha impwemu zihumetswe.


Barondera inama mbi; bakibgira, bat’ Inama twarondera turayinogeje. Kuk’ ubgenge bg’umuntu n’ umutima wiwe vyigobetse.


Ubugunge buri mu mitima y’abaja imigabo y’ikibi, Arikw abaja inama z’amahoro bagira umunezero.


Mu mutima w’umuntu haba imigabo myinshi, Arikw inama y’Uhoraho ni yo izoguma.


Iminwa ihemana n’umutima mubi Bimeze nk’ikibumbano gikuyengejekw ifeza.


Enda vuga, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho abaza, ngo Mbeg’ uzototahara? Ya nkukuma ya mbere mbega ntizowurandura imizi, ikawuhanyagurakw inzabibu, kugira ngo wume, n’ibibabi biremvye ngo bikabirane? Mbere kuwusiturana n’ imizi yawo ntivyonanirana, canke ngo birinde gukoranya ingabo.


Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.


Nukw azosubirana mu gihugu ciwe ibintu vyinshi; kand’ umutima wiwe uzoba wanse isezerano ryera, azokora nk’uko yigombeye, maz’ asubire mu gihugu ciwe.


Nuko mu gihe cashinzwe azosubira kuja gutera i bumanuko; arikw ico gihe co hanyuma ntikizomera nk’ica mbere.


Kandi bamwe mur’ abo banyabgenge bazokwicwa, kuzoba ar’ ukubavugutira no kubakūramw’ inkamba no kubeza, gushitsa ku gihe c’iherezo, kukw iryo herezo rikirindiriye igihe cashinzwe.


Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.


Nuko yēgēra aho nari mpagaze; anshikiriye ncika ivutu, nikubita hasi nubamye; maz’ arambarira, at’ Umve, yewe mwana w’umuntu, ivyo weretswe n’ivy’ igihe c’iherezo.


Arambgira, at’ Umve ngira nkumenyeshe ibizoba mu gihe c’uburake bgo kw iherezo; kukw ar’ ivy’ igihe c’iherezo cashinzwe.


Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.


Arabishura, ati S’ivyanyu kumenya imisi cank’ ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene;


kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.


Ariko bene Data, ivy’ ibihe n’imisi ntimurinda kuvyandikirwa.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan