26 Mber’ abazoba barya ku binōbōye vyiwe ni bo bazomufyonyora; ingabo ziwe zizotembanwa n’umuvo, benshi muri bo bahindikirane.
Maz’ avuye aho Elisa ari, asubira kwa shebuja; shebuja aramubaza, ati Elisa yakubgiye iki? Na we aramwishura, ati Yambgiye ng’ Uzokira nta kabuza.
Mber’ umukunzi wanje pfampfe, uwo nizigira, nagaburira, Na we ambanguriye umugere.
Hanyuma abana biwe bazovyura intambara, bakoranye isinzi ry’ingabo nyinshi; zizotera zisendanishe, zidwēbēre mu gihugu, maze zizokebanuka zirwana, kugeza no kw iboma y’umwami w’i bumanuko.
Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko.
Maze mu gihe c’ iherezo umwami w’i bumanuko azomutera, kand’ umwami w’i burārūko azoja kumutega ameze nk’ agashururu, azanye imikogote n’abagendera ku mafarasi n’amāto menshi; azotera ibihugu, asendanishe, abihitane.
Arabishura, at’ Uwo duhūje amaboko mu gukoza mu mubehe, ni we angura.
Arabishura, at’ Umwe muri mwebge cumi na babiri, uwo turiko turakoreza amaboko rimwe mu mubehe, ni we.
Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko n’ukugira ngw ivyanditswe bishike, ng’ Ūrya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.