23 Kandi hagize umuntu yifatanya na we, azoca mu bugunge, kukw azodūga akaba ūhambaye, nah’ azoba afise abantu bake.
Bene Yakobo bishura Shekemu na se wiwe Hamori mu buryarya, kuko Shekemu yononye Dina mushiki wabo.
Ururimi rwawe rwigenera kugeseza, Rumeze nk’urupfuhe rukarishe, rukora ivy’ ubugunge.
Umunyakibi aca ingero y’ibihendo, Arik’ ūbiba ubugororotsi aronka impēra y’ukuri.
Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko.
Mu gihe c’impore azotera intambara aharusha ahandi kumera mu gihugu; azokora ivyo ba sekuru na ba sekuruza batigeze gukora; azogabanganya abantu amasahu n’iminyago n’itunga; mber’ azomara igihe gitoya yīgīriye imigabo yo gutera amaboma akomeye.
Ububasha bgiwe buzoba bukomeye, ariko ntibuzoba ar’ ububasha bgiwe ubgiwe. Azogeseza bitangaje, akore ivyo yigombeye, atunganirwe; azogeseza abahambaye bo n’ubgoko bg’abera.
Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko.
buzuye ukugabitanya kwose, no kugira nabi, no kwifuza, n’urwanko rw’ubusa: buzuye n’igono, n’ubgicanyi, no gutongana, n’ubugunge, no kwitamba ku muvyimba; n’abaneguranira mu vyongorerano,
Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.
Ukuza kw’uwo mugarariji kuri mu buryo bg’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bgose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma,