Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:22
11 Iomraidhean Croise  

Ko muvuga, muti Twasezeranye isezerano n’ urupfu, kandi twemeranije n’i kuzimu; mut’ Icago ni casendanisha kigahita mu gihugu, muti Ntikizodushikako; muti Kuko twironkeye ubuhungiro mu binyoma, tukaba tunyegeye musi y’ ubugunge:


Hanyuma abana biwe bazovyura intambara, bakoranye isinzi ry’ingabo nyinshi; zizotera zisendanishe, zidwēbēre mu gihugu, maze zizokebanuka zirwana, kugeza no kw iboma y’umwami w’i bumanuko.


Kandi hagize umuntu yifatanya na we, azoca mu bugunge, kukw azodūga akaba ūhambaye, nah’ azoba afise abantu bake.


Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko.


Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma igihugu gihinda agashitsi, abari muri co bose bagacura umuborogo? Kizoteragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura; gisimbagurike, gisubire gihwāmīre nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa.


Kuk’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo ari we akora ku gihugu, kigaca gishonga, abakibamwo bose bagacura umuborogo; kigateragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura, kigasubira kigahwāmīra nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa;


Arikw abarwanizi biwe azotuma batwarwa n’uruzi rusendanisha, kand’ abansi biwe azobakinagiza abashitse mu mwiza.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan