Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Bukeye mu gishingo ciwe hazovyuka umuntu w’inkēngērwa, atāhawe icubahiro c’ubgami; arikw azoza mu gihe c’impore, yironkeshereze ubgami ubuhemanyi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:21
17 Iomraidhean Croise  

Abanyakibi bayerera impande zose, Iyo hashizwe hejuru abantu b’imburakimazi mu bana b’abantu.


Mu maso yiwe igihumbu kirakēngēretse, Ariko yubaha abatinya Uhoraho; Ico yarahiye naho comugirira nabi, ntiyirahuruza.


Akanwa kiwe kanyerera nk’ amavuta, Arik’ umutima wiwe warimw’ intambara gusa; Amagambo yiwe yaremba kurusha amavuta ya elayo, Ariko yar’ inkota zisokowe.


Igipfapfa ntibazoba bakimwita umupfasoni, kand’ uwigungirako ntibazoba bakimwita umunyabuntu.


Bukeye hazovyuka uwundi mu gishingo ciwe, azorungika umutozakori mu gihugu kirushirije kuba ciza co mu bgami bgiwe; ariko mu misi mike azokenyurwa, ata mitongano cank’ intambara.


Abakora ibibi vyo kurwanya isezerano azobazimirisha akarimi keza; arikw abantu bazi Imana yabo bazoshikama bakore ibikomeye.


Ni bakorokera mur’ ivyo vyago, bazofashwa buhoro: ariko benshi bazokwifatanya na bo mu buryarya.


Ariko mu ngundu zo ku gishitsi c’i wabo hazovyuka ūzosubira ku ngoma ya se, azoja mu ngabo, atere amaboma y’ umwami w’i burārūko ayinjire, abaho abagire ukw agomba, agire intsinzi;


Urwo rubanza rwaciwe n’abashibamyi, ari rwo nyene rwashinzwe n’ijambo ry’abera, kugira ngw abakiriho bamenye kw Īsumba vyose ari yo iganza ubgami bg’abantu, kandi kw ibugabira uwo igomba wese, ikabgimikamwo nyarucari hanyuma ya bose.


Nitegereje ayo mahembe, mbona muri yo hameze akandi gahembe gatoya. Imbere yako hakūrwa amahembe atatu mu yar’ asanzwe. Maz’ ako gahembe nkabonakw amaso asa n’ay’ umuntu, n’akanwa kavuga ibihambaye.


Igihe ingoma yabo igira ihere, abanyabicumuro bamaze kugwira, hazovyuka umwami w’umujinya, azi guhirikana.


Akenge kiwe kazotuma ivy’ ubugunge birorana; azokwīgira agahambaye mu mutima wiwe, ageseze benshi ata co binona; mber’ azohaguruka kurwanya Umwami w’abami; arikw azovunagurika, ata wumukozeko.


Kuri rimwe mur’ ayo, hashamika agahembe gatoya, karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’i burasirazuba no mu gihugu c’ubgiza.


Kand’ Uhoraho yarashinze ivyawe, ngo Nta bandi b’izina ryawe bazosubira gutoha; nzohenebereza igishushanyo cabājwe n’igishushanyo cavugutiwe mu nkero mu nzu y’ibigirwamana vyawe; nzokwimbira icobo co kuguhambamwo, kuk’ ugayitse.


Kuko mmaze kumubgira yuko ngiye guha inzu yiwe igihano kitazobavako, mbahōye ukugabitanya yirengagije, kukw abahungu biwe bihamagariye umuvumo, na we ntabateshe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan