Bukeye hazovyuka uwundi mu gishingo ciwe, azorungika umutozakori mu gihugu kirushirije kuba ciza co mu bgami bgiwe; ariko mu misi mike azokenyurwa, ata mitongano cank’ intambara.
Ariko mu ngundu zo ku gishitsi c’i wabo hazovyuka ūzosubira ku ngoma ya se, azoja mu ngabo, atere amaboma y’ umwami w’i burārūko ayinjire, abaho abagire ukw agomba, agire intsinzi;