Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Hanyuma y’ivyo azohindukiza amaso, atere ibizinga vyo mu kiyaga, aneshe vyinshi; arik’ umugabisha umwe azozibiza agakēngērwe yateye, mber’ azokamusubiza ku mutwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:18
10 Iomraidhean Croise  

Nuk’ umwami Ahasuwerusi atangisha ikori igihugu cose n’abo mu bizinga vyo mu kiyaga.


Kandi nzoshira ikimenyetso muri bo, abarokotse muri bo nzobatuma mu mahanga, i Tarushishi n’i Puli n’i Ludi mu bafozi b’imiheto, n’i Tubali n’i Yavani, mu baba ku kiyaga kure, aho bataribgumve ko ndi rurangiranwa, ntibabone n’icubahiro canje; maze bazokwīgānira amahanga icubahiro canje.


Enda ni mujabuke ku bizinga vy’i Kitimu, murābe; mutume i Kedari, mwitegereze mushirutse umwete; murābe ko higeze kuboneka ikintu nk’iki.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa mahanga, muvyamamaze mu bizinga vya kure mu kiyaga: muvuge, mut’ Uwashwiragije Abisirayeli ni we azobatororokanya, abazigame, nk’uk’ umwungere agirira umukuku wiwe.


Mu biti vy’imyeloni vy’i Bashani ni vyo bākubāziyemw’ ingafe; intebe zawe bāzibāje mu mbaho z’imiteyashuri zākūwe mu bizinga vyo mu kiyaga vyitwa i Kitimu, bazishazishije kuzidombagizak’ utubaru tw’amahembe y’inzovu.


Efurayimu yarakije Uhoraho bikomeye, ni co gituma amaraso yiwe ari we azokora, kand’ Umwami wiwe azomusubiriza mu nkōko umuvumo yavumanye.


Uhoraho azobabera agaterabgoba: kukw azocobogoza ibigirwamana vyose vyo kw isi; maz’ abantu bazomwunamira, umuntu wese ah’ ari, mbere n’ibizinga vyose vyo mu kiyaga vy’abanyamahanga.


Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.


Adoni‐bezeki aravuga, at’Abami mirongwirindwi naciye ibikumu n’amano manini bāhora batoragura utwo barya musi y’ameza yanje: uko nabagiriye ni kw Imana inshubirije mu nkōko. Nuko bamujana i Yerusalemu, agwayo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan