Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Hanyuma azoja imigabo yo gusidukana n’ingabo z’igihugu ciwe cose; arikw azokwihanura, yiyuzuze n’uwo mwami w’i bumanuko, amushingire umukobga wiwe kugira ngw amuhondobereze: arikw iyo migabo ntizohagarara, ntizomubera ko.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:17
15 Iomraidhean Croise  

Bukeye Hazayeli umwami w’i Siriya aradūga, atera i Gati, ahagira ahiwe; maze yiteguye kudūga ngw atere i Yerusalemu na ho,


Yehoshafati agira ubgoba, aca agira umwete wo kurondera Uhoraho, ashinga umusi wo kwisonzesha mu Buyuda hose.


Maz’ abansi banje bazosubizwa inyuma ku musi nzotakambako: Ivyo ndabizi, kukw Imana iri mu ruhande rwanje.


Mu mutima w’umuntu haba imigabo myinshi, Arikw inama y’Uhoraho ni yo izoguma.


Kandi Farawo, n’ingabo ziwe zihambaye n’ibitero vyinshi, nta co azomumarira mur’ iyo ntambara, igihe bazorunda ibigunguzi vyo kwūririrako, bakubaka ibihome, kugira ngo bageseze abantu benshi.


riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe ubgoko bg’ Abamoni, ubabūrire;


Kandi wiyabīrire umubehe w’ icuma, uwukike ng’ukubere uruzitiro rw’icuma hagati yawe n’ igisagara: ugishinge ijisho ngo kiziguzwe, wewe ubgawe ukiziguze. Ivyo bizoba ikimenyamenya c’inzu ya Isirayeli.


Kand’ uz’ ushinge ijisho kuri Yerusalemu hajigujwe, ukumye impuzu ku kuboko kwawe; uhabūrire ibizoba.


Maz’ azohindukiza amaso yerekeze mu maboma yo mu gihugu ciwe bgite; arikw azotsitara, ahenuke, ntaboneke ukundi.


Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.


Bose bazanwa n’umuryano; amaso yabo bayahangana igihababu imbere yabo; bakumakuma imbohe nk’ umusenyi.


Ūtamperereyeko n’umwansi wanje, kand’ ūdasukiranya nanje arasanzaza.


Ūtamperereyeko aba ar’ umwansi wanje, kand’ ūdafatanije nanje kwegeranya aba asanzaje.


Maz’ imisi yiwe yo kudūzwa mw ijuru igira ishike, yerekeza i Yerusalemu amaramaje kujayo,


Ko bimeze birtyo, tuvuge iki? Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan