Daniyeli 11:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)17 Hanyuma azoja imigabo yo gusidukana n’ingabo z’igihugu ciwe cose; arikw azokwihanura, yiyuzuze n’uwo mwami w’i bumanuko, amushingire umukobga wiwe kugira ngw amuhondobereze: arikw iyo migabo ntizohagarara, ntizomubera ko. Faic an caibideil |
Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.