Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Arik’ ūzoba amuteye azogira nk’uko yigombeye, kandi nta wuzomuhagarara mu ruhanga; nukw azohagarara mu gihugu c’ubgiza, ukuboko kwiwe kurimwo kugeseza.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:16
11 Iomraidhean Croise  

kand’ azosēndēra ashike i Buyuda: azosendanisha ahahitane, ashike no mw izosi ry’umuntu; kandi gusanza amababa kwiwe kuzokwira igihugu cawe cose, yewe Imanuweli.


Ariko narībajije, nti Nogushira nte mu bana banje, nkaguha igihugu c’igikundiro, nkaguha umwandu mwiza uruta iy’ ayandi mahanga yose? Nari naravuze, nti Muzonyita umuvyeyi wanyu, kandi ntimuzokebanuka ngo mumve inyuma.


Maz’ umwami ahambaye azohaguruka, azoganzisha ububasha bginshi, akore uko yigombeye.


Nuk’ uwo mwami azokora uko yigombeye, yishire hejuru, yīgire agahambaye gasumba icitwa imana cose, kand’ azovuga ibitangaza vyo kurogota ku Mana nya mana, azororanirwa gushitsa ah’ uburake buzoshikira; kukw icashinzwe kitazobura gushika.


Azoshika no mu gihugu c’ubgiza; henshi hazotikizwa, arikw abazokira amaboko yiwe n’Abanyedomu n’Abanyamowabu n’igihimba gikomeye c’ Abamoni.


Azoshinga amahema yiwe y’ ubgami hagati y’ikiyaga n’umusozi wera w’ubgiza; yamar’ ageze ku musi w’iherezo ryiwe nta wuzomutabara.


Kandi kubg’ ubukuru yamuhaye, amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bāhindira agashitsi imbere yiwe, bakamutinya; yica uwo agomvye kwica, agakiza uwo agomvye gukiza; yashira hejuru uwo agomvye, agacisha bugufi uwo agomvye.


Mbona iyo mpfizi y’intama igenda itwariranya, yerekeye i burengerazuba n’i burārūko n’i bumanuko; ntihāgira igikōko gihangara kuyihagarara imbere, ntihāboneka ūshobora kugira ico ayikiza; ariko yakora uko yigombeye, ikīgira agahambaye.


Mbona yēgereye iyo mpfizi y’intama, irayishamira, irayisekura, iyivuna ayo mahembe yompi; kand’ iyo mpfizi y’intama ntiyagira inkomezi zo kuyihagarara imbere, arikw iyo mpene iyikubita hasi, irayisiribanga; kand’ iyo mpfizi y’intama ntihāboneka ūshobora kuyikiza ya mpfizi y’impene.


Kuri rimwe mur’ ayo, hashamika agahembe gatoya, karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’i burasirazuba no mu gihugu c’ubgiza.


Nta muntu n’umwe azoshobora kuguhagarara imbere imisi yose uzomara ukiriho: nk’uko nabanye na Mose ni ko nzobana nawe; sinzoguhemukira, sinzoguta.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan