14 Ico gihe benshi bazokūrira hasi umwami w’i bumanuko, kand’ abantu b’ibirara bo mu bgoko bganyu bazogumuka bashitse ivyerekanywe mu nzozi, ariko bazohenuka.
kuk’ umwami w’i burārūko azogaruka, akagomora ingabo ziruta iza mbere; hashize imyaka azozana ingabo nyinshi n’isanduruma y’intekera.
Nuk’ umwami w’i burārūko azoza, atere ibisagara bikikijwe n’inzitiro z’amabuye zikomeye, abirundire ibigunguzi vyo kwūririrako, abineshe; arikw ingabo z’uw’ i bumanuko, bo n’intōre ziwe, ntizizomushobora; ntihazoboneka inkomezi zo kumushobora.
Kukw Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhūza inama, no gushira ca gikōko ku ngoma yabo, kugeza ah’ amajambo y’Imana azoshikira.