Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 11:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Hanyuma abana biwe bazovyura intambara, bakoranye isinzi ry’ingabo nyinshi; zizotera zisendanishe, zidwēbēre mu gihugu, maze zizokebanuka zirwana, kugeza no kw iboma y’umwami w’i bumanuko.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 11:10
10 Iomraidhean Croise  

Kand’ igihome kirekire kigukīngīra c’inzitiro zawe z’amabuye azogisangangura, agitsinde hasi, agishitse mw ivu, mbere no mu mukungugu.


Ikiyaga kiradūze kīziye i Babuloni: harengewe n’isinzi ry’ imipfunda yaco.


Maz’ ingabo zizoba zisebereye nk’uruzi zizotembanwa n’umuvo imbere yiwe, zihomvagurike; mbere n’ umukuru w’isezerano na we n’ uko.


Mber’ abazoba barya ku binōbōye vyiwe ni bo bazomufyonyora; ingabo ziwe zizotembanwa n’umuvo, benshi muri bo bahindikirane.


Ariko mu ngundu zo ku gishitsi c’i wabo hazovyuka ūzosubira ku ngoma ya se, azoja mu ngabo, atere amaboma y’ umwami w’i burārūko ayinjire, abaho abagire ukw agomba, agire intsinzi;


Hanyuma uwo mwami na we azotera igihugu c’umwami w’i bumanuko, maz’ asubire mu gihugu ciwe.


Maz’ ayo mayinga ukw ari mirongwitandatu n’abiri ni yashira, Mesiya azokūrwaho, kandi nta wuzomusubirira mu gishingo. Maze segaba wundi azoza, abantu biwe bazosangangura igisagara n’ahantu hēra; arikw iherezo ryiwe azotembanwa n’umuvo; kand’ intambara zizorinda zishitsa no kw iherezo; ubugesera bgashinzwe ko buzotera.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan