1 Kandi nanje, mu mwaka wa mbere Dariyo w’Umumedi ari ku ngoma, nakūwe hasi no kumufasha no kumuremēsha.
Muhimbaze Uhoraho, mwebge bamarayika biwe: Mwebge banyenkomezi nyinshi bashikisha ijambo ryiwe Kubangira ugutwi ijwi ry’ ijambo ryiwe.
Uwasa n’umuntu yongera kunkorako, ansubizamw’ intege.
Ubgo bgami buhabga Dariyo Umumedi, yar’ amaze imyaka nka mirongwitandatu n’ibiri y’amavuka.
Maze Dariyo abona kw ari vyiza kugabanganya igihugu abaganwa ijana na mirongwibiri, ngo bakwire igihugu cose.
Mu mwaka Dariyo mwene Ahasuwerusi wo mu ruvyaro rw’Abamedi yimyemwo, yimitswe kuba umwami w’igihugu c’Abakaludaya,
baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.