9 Yamara numva ijwi ry’amajambo yiwe; nkiryumva, nzimira ubgenge, ndubama, ncurika umutwe hasi.
Ku kirengazuba, Aburamu itiro riramuhwikira, asinzira ubutikoma; maz’ ubgoba butewe n’ umwiza w’umuzitanya buramufata.
Maz’ Uhoraho Imana asinziriza uwo muntu ubutikoma, arasinzira: amukūramw’ urubavu rumwe, ahōmeka inyama mu gishingo carwo.
Mu nzozi, mw iravūta ryo mw ijoro, Igihe itiro ryinshi ritwaye abantu, Bisinziriye ku mariri yabo;
Nciyumvira ivyiyumviro bivuye mw iravūta ryo mw ijoro, Igihe itiro ryinshi ritwaye abantu,
Nari nsinziriye, arik’ umutima wanje uri maso: Numva ijwi ry’umukunzi wanje aramutsa, Ati Nyugururira, mushikanje, mukunzi wanje, inanuma wanje, mwiza wanje utagira agasembga; Kuk’ umutwe wanje utonzweko n’urume, N’umushatsi wanje utonzweko n’udutonyanga tw’ ijoro.
Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe.
Akirikw aravugana nanje, nzimira ubgenge, ncurika umutwe hasi; maz’ ankorako, aramvyura.
Ndavyumvise, amara yanje aradobangana, Iminwa yanje iradegezwa kubg’ iryo iwi; Ikimungu cinjira mu magufa yanje, mpindira agashitsi aho ndi; Nkwiye guhangana n’umusi w’amagorwa nduhutse, Igihe abansi bazotēza ubgoko bgacu ibitero.
Amaze gusenga, ava hasi aja ah’abigishwa bari, asanga basinzirijwe n’umubabaro.
Petero n’abāri kumwe na we bāri baremerewe n’itiro, bikanguye rwose babona ubgiza bgiwe na ba bagabo babiri bahagararanye na we.
Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,