Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!
Maz’ arambgira, ati Nta co utinya, Daniyeli; kuk’ uhereye umusi washiriye umutima ku gutahura, no kwicisha bugufi imbere y’Imana yawe, amajambo yawe yarumviswe; kand’ ayo majambo yawe nyene ni yo anzanye.
Kand’ iy’ umuntu agomvye kubagirira nabi umuriro ubava mu kanwa, ugaturira abansi babo: kand’ umuntu ni yagomba kubagirira nabi uko ni kw akwiye kwicwa.