19 Arambgira, at’ Ewe muntu w’umukundwa cane, nta co utinya: mpore, mpore, gira amahoro! Akibimbgira, nca ndaremerana, ndavuga, nti Databuja n’uvuge, kuk’ unsubijemw’ intege.
Umusi nagutakambiyeko waranyishuye, Undemeshesha gusubiza intege mu mutima wanje.
Mubgire abahagaritse imitima, muti Rema, nta co mutinya: rāba, Imana yanyu izozanana n’uguhōra, ni kwo kwitura kw’Imana; izoza ibakize.
ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.
Ntutinye, musiba we Yakobo, namwe nkehwa z’ Abisirayeli; nzogutabara, ni k’ Uhoraho agize; kand’ Uwera w’ Abisirayeli ni we mucunguzi wawe.
Uwasa n’umuntu yongera kunkorako, ansubizamw’ intege.
Ugitangura gutakamba hacuwe ijambo, kandi nzanywe no kurikubarira, kuk’ ur’ umukundwa cane; nukw iryo jambo uryiyumvire cane, utahure n’ivyo weretswe.
Yamara noneho rema, ewe Zerubabeli, ni k’Uhoraho agize; nawe nyene rema, ewe Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki; kandi namwe bantu bo mu gihugu mwese, ni mureme, ni k’Uhoraho agize, kandi mushireko mukore, kuko ndi kumwe namwe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize,
Nuko, nk’uko mwari mu mahanga murik’ umuvumo, yemwe ab’ inzu ya Yuda, namwe ab’ inzu ya Isirayeli, ni ko nzobakiza, mubek’ umuhezagiro; ntimutinye, arikw amaboko yanyu n’akomere.
Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Amaboko yanyu n’akomere, yemwe abumva mur’ iyi misi amajambo yavuzwe n’abavugishwa nanje bārih’ umusi itanguriro ryashirwaho ry’ingoro yanje, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, ni rwo rusengero, kugira ngo rwubakwe.
Bashiki biwe batuma kuri Yesu, bati Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.
Abayuda baravuga, bat’ Eh’ ingene yamukunda.
Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro.
Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.
Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.
Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina, ati Nyina wanje, nguyo umwana wawe.
Petero arakebuka, abona wa mwigishwa Yesu yakunda abakurikiye, umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu hamwe bāsangira, akamubaza, ati Mugenzi, ni nde azokugura?
Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi.
Arambarira, at’ Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke. Nuko cane‐cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko.
Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.
Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,
None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.
Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,
Maz’ Uhoraho aramubarira, ati Mpore, nta co utinya, ntupfa.