Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 10:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Mbega nkanje, umusavyi wawe, noshobora nte kuvugana nawe, databuja? Ko jewe ata magara ngisigaranye, numva mpwereye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 10:17
11 Iomraidhean Croise  

kandi muvuge, muti Mbere n’umusavyi wawe Yakobo ar’ inyuma yacu. Kuko yiyumviriye, ati Reka ndamuhōyahōyeshe indamukanyo zinyītangiye imbere, mpeze mbone guseruka imbere yiwe: kumbure yondeka akampangaza.


Kand’ ati Ntiworāba mu nyonga hanje: kuk’ umuntu atondāba mu nyonga ngw abeho.


Nuko jeho nsigaraho nd’umwe, mbona ivyo vyerekanywe bihambaye, maze sinasigarana inkomezi na nkeya, mu maso hanje harahīndāna, ndadendebukirwa.


Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.


Dawidi ubgiwe yavugishijwe na Mpwemu Yera, aravuga, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y’ibirenge vyawe.


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Maze Gideyoni aca amenya ko yar’ umumarayika w’Uhoraho; aravuga, at’ Ewe Mwami Uhoraho, ndahūmiwe, kuko mbonye umumarayika wawe imbonankubone, Uhoraho!


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan