Daniyeli 10:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)16 Maze haza ūfise ishusho nk’iy’ abana b’abantu, akora ku munwa wanje; nca nteranura akanwa, ndavuga mbarira uwar’ ampagaze imbere, nti Databuja, ivyo neretswe vyatumye nsinzikazwa n’umubabaro, ndadendebukiwe. Faic an caibideil |
Nuko Daniyeli, ari we Beluteshaza, amara akanya yumiwe, ivyiyumviro vyiwe bimuhagaritse umutima. Umwami yongera kumubgira, ati Yewe Beluteshaza, izo nzozi n’uko zisobanurwa nta co biguhagarika umutima. Beluteshaza aramwishura, at’ Izo nzozi zirakaba ku bansi bawe, mwami wanje, n’uko zisobanurwa kurakaba ku barwanizi bawe.