Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 10:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ambgiye ayo majambo, ncurika umutwe, mba ikiyingiyingi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 10:15
6 Iomraidhean Croise  

Kur’ uwo musi akanwa kawe kazogobodokera iyo mpunzi, maz’ uzoca uvuga, ntuzokwongera kugobga ururimi: uko ni k’uzobabera ikimenyetso; na bo bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Nzotuma ururimi rwawe rufatana n’uruhekenyero, ugobge ururimi, woye kubabera imbūri; kukw ar’inzu y’ abagarariji.


Ukuboko kw’Uhoraho kwari kwarāye kunjeko ku mugoroba, iyo mpunzi itaraza; kandi yar’ agobotoye akanwa kanje uyo atarashika aho ndi bukeye mu gitondo; nukw akanwa kanje karagobodoka, ururimi ntirwari rukigobge.


Yamara numva ijwi ry’amajambo yiwe; nkiryumva, nzimira ubgenge, ndubama, ncurika umutwe hasi.


Akirikw aravugana nanje, nzimira ubgenge, ncurika umutwe hasi; maz’ ankorako, aramvyura.


Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’ utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan