Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’ amahanga yose azosendanisha aja kuri wo.
Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.
ariko mw ijuru har’ Imana ihishura amabanga, kandi ni yo yakumenyesheje ibizobaho mu bihe bizoza, mugenzi. Inzozi zawe n’ivyo werekewe mu mutwe uri ku kirwa vyar’ ibi:
maz’ amaherezo Abisirayeli bazogaruka, barondere Uhoraho Imana yabo, na Dawidi umwami wabo; bazoba mu gatengo baje k’Uhoraho no ku migisha yiwe mu misi y’iherezo.
Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzotsimbatara ku mpinga y’umusozi, ushirwe hejuru y’ iyindi mirambi; kand’ amoko azosendanisha aja kuri wo.