Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 10:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Maz’ arambgira, ati Nta co utinya, Daniyeli; kuk’ uhereye umusi washiriye umutima ku gutahura, no kwicisha bugufi imbere y’Imana yawe, amajambo yawe yarumviswe; kand’ ayo majambo yawe nyene ni yo anzanye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 10:12
26 Iomraidhean Croise  

Aho narira, ngahanisha umutima wanje kwisonzesha, Vyampindukiye ibitutsi.


Mubgire abahagaritse imitima, muti Rema, nta co mutinya: rāba, Imana yanyu izozanana n’uguhōra, ni kwo kwitura kw’Imana; izoza ibakize.


ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’ Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.


Ntutinye, musiba we Yakobo, namwe nkehwa z’ Abisirayeli; nzogutabara, ni k’ Uhoraho agize; kand’ Uwera w’ Abisirayeli ni we mucunguzi wawe.


Maze ni watabaza, jewe Uhoraho nzokwitaba; ni watakamba, nzovuga, nti Ndi hano. Ni wakūra ugutwaza igitugu hagati muri wewe, no gutūngira abandi urutoke, n’ibiyāgo bibi,


Maze batarampamagara nzobitaba, kandi bakivuga nzokwumva.


Arambgira, ati Daniyeli, muntu w’ umukundwa cane, utahure amajambo ngira nkubgire, va hasi uhagarare, kuk’ ubu ngutumweko. Amaze kumbgira iryo jambo, mpagarara mpinda agashitsi.


Arambgira, at’ Ewe muntu w’umukundwa cane, nta co utinya: mpore, mpore, gira amahoro! Akibimbgira, nca ndaremerana, ndavuga, nti Databuja n’uvuge, kuk’ unsubijemw’ intege.


Ibi bize bibabere icagezwe c’intahava: mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi, muze mwame mwibabaza; ntihaze hagire ūgira igikorwa awukorako, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.


Uwo musi uze wame ubabera isabato yo kuruhuka bihebuje, muze mwame muwibabazako: ico n’icagezwe c’intahava.


Ku musi w’icumi w’ukwo kwezi kw’indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; muze mwame muwibabazako, kandi ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako;


Maze Yesu arababgira, ati Ntimutinye: ni mugende mubgire bene Data ngo baje i Galilaya, ni ho tuzobonanira.


Arik’ umumarayika abgira ba bagore, ati Mweho ntimutinye, kuko nzi ko murondera Yesu, umwe yabambga;


Arababgira, ati Nta co mwumirwa: ndazi yuko murondera Yesu Umunyanazareti umwe yabambga: none yazutse, ntari hano: ehe, rāba aho bāri bamushize!


Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Zakariya, kukw ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uz’ umwite Yohana:


Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Mariya, kuk’ ugiriwe ubuntu n’Imana.


Umumarayika arababgira, ati Nta co mutinya, umve ndababarira ubutumwa bgiza bg’akanyamuneza kenshi kazoba ku bgoko bganyu bgose.


Arababaza, at’ Ikibahagaritse imitima n’iki? Kandi n’iki gitumye mubūranisha imitima?


arambgira, ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari, kand’ ehe Imana ikwemereye n’abo mugendanye bose.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan