Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 10:1
28 Iomraidhean Croise  

Kand’ icatumye urota izo nzozi kabiri n’ukw ivyo vyashinzwe n’ Imana, kand’ izobishitsa vuba.


Hanyuma mu mwaka wa mbere Kuro umwami w’i Buperesi agiye ku ngoma, Uhoraho akangura umutima wiwe kugira ngw ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Nuko Kuro uwo mwami w’i Buperesi ashinga ko babitangaza mu gihugu ciwe cose, aranavyandika,


Kandi bagerera abubatsi n’ababaji amahera, ab’i Sidoni n’ab’i Tiro babagerera ivyo kurya n’ibinyobga n’ amavuta, kugira ngo bazane ibiti vy’amasederi, babikūre i Lebanoni babizane ku kiyaga babishikane i Yopa, bakurikiye ibgirizwa ryashinzwe na Kuro Umwami w’i Buperesi.


Ariko Zerubabeli na Yosuwa n’abandi bakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abisirayeli barabishura, bati Nta ho duhuriye namwe, vyotuma dufatanya kwubaka ingoro y’Imana yacu, ariko ni twebge twenyene tuzokwubakira Uhoraho Imana y’Abisirayeli iyo ngoro, nk’uko Kuro umwami w’i Buperesi yabitugeze.


Baha impēra abo kwigenera inama zo kubabuza gushitsa ivyo bagabiye; bikomeza birtyo igihe cose Kuro umwami w’i Buperesi yamaze ku ngoma, barinda bashitsa no ku ngoma ya Dariyo umwami w’i Buperesi nyene.


Nukw abakuru b’Abayuda bagira ikiganza ciza mu kwubaka, bafashijwe n’ukuvugishwa kwa Hagayi uwavugishwa n’Imana na Zekariya mwene Ido. Barayubaka iruzura, nk’ukw ibgirizwa ry’Imana y’ Abisirayeli ryashinze, kandi no kubg’ icagezwe ca Kuro na Dariyo, na Aritazeruzi umwami w’i Buperesi.


mu mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma, uwo mwami Kuro nyene yashinze ibgirizwa ry’ivy’ inzu y’Imana i Yerusalemu, kugira ngw isubire yubakwe, ibe ahantu batangira ibimazi; kand’ amatanguriro yayo bayubake bayakomeze; uburebure bgayo bg’igihagararo bube amatambge mirongwitandatu y’ ukuboko uciriye mu nkokora, amakika na yo abe amatambge mirongwitandatu nyene.


mvuga ivya Kuro, nti N’umwungere wanje, azoshitsa ivyo ngomba vyose; nkavuga ivya Yerusalemu, nti Hazokwubakwa; nkabarira urusengero, nt’ Itanguriro ryawe rizoshirwaho.


Maz’ abo basore ukw ari bane Imana ibaha gukerebuka no kuba uburyo mu vyo bigishwa vyose no mu bgenge; kandi Daniyeli yari n’ubgenge bgo gutahura ivyerekanwa vyose bo n’inzozi.


Nuko Daniyeli aguma ngaho, gushitsa ku mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma.


Nuk’ uwo mukuru w’inkone abīta ayandi mazina: Daniyeli amwita Beluteshaza, Hananiya amwita Shaduraka, Mishayeli amwita Meshaki, Azariya amwita Abedunego.


Nuko none nzanywe no kugutahuza ibizoba ku bgoko bganyu mu misi y’iherezo; kukw ivyo weretswe ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


Nuko none ngira nkwereke ivy’ ukuri. Haracasigaye abandi bami batatu bazokwima i Buperesi; arik’ uwa kane azorusha abandi bose ubutunzi bginshi: uwo ni yamara kuba umunyabushobozi kubg’ ubutunzi bgiwe, azogomora ingabo zose ngw atere ubgami bg’i Bugiriki.


Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.


Aranyishura, at’ Igīre, Daniyeli; kukw ayo majambo ar’ akabanga, amatanishijwe ishashara idomyemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo.


ni yo ikūranya imyanya n’ibihe; ni yo ikūra abami ikimika abandi; ni yo iha abanyabgenge ubgenge, n’abakerebutse ikabaha kumenya;


Arik’ ubuheruka hinjira Daniyeli, ari we Beluteshaza nk’uko yitiriwe izina ry’imana yanje, ni we arimw’ impwemu z’imana zera; ndamurotorera inzozi zanje,


kuko mur’ uwo muntu Daniyeli uwo umwami yise Beluteshaza, hābonetsemw’ ubgenge bg’agahebuza no kumenya no gutahura no gusobanura inzozi no kumenya amajambo ahiritswe, yabaye gasobanuzi k’ibisobanye. Enda rero, ni bahamagare Daniyeli, na we aravuga uko bisobanurwa.


Daniyeli yishura umwami, at’ Ingabire zawe n’uzigumirize, kand’ impēra zawe uzihe uwundi. Ariko ndasomera umwami iyo nyandiko, ndamumenyeshe ukw isobanurwa.


Nuko ku ngoma ya Dariyo no ku ngoma ya Kuro Umuperesi, Daniyeli agira ikiganza ciza.


Maze numva ijwi ry’umuntu riturutse hagati mu ruzi Ulayi, rihamagara, riti Yewe Gaburiyeli, tahuza uwo muntu ivyo yeretswe.


Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’ utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo.


Umumarayika arambarira, at’ Andika, uti Hahirwa abatorewe gutaha ubukwe bga wa Mwagazi. Kand’ arambarira, at’ Ayo n’amajambo y’ukuri y’Imana.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan