Daniyeli 10:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Mu mwaka ugira gatatu Kuro umwami w’i Buperesi ari ku ngoma, Daniyeli ari we Beluteshaza, har’ ico yeretswe, kand’ ico kintu car’ ic’ ukuri, ni co ntambara zikomeye; atahura ivy’ ari vyo, kand’ ivyo yeretswe arabisobanukirwa. Faic an caibideil |
mu mwaka wa mbere umwami Kuro ari ku ngoma, uwo mwami Kuro nyene yashinze ibgirizwa ry’ivy’ inzu y’Imana i Yerusalemu, kugira ngw isubire yubakwe, ibe ahantu batangira ibimazi; kand’ amatanguriro yayo bayubake bayakomeze; uburebure bgayo bg’igihagararo bube amatambge mirongwitandatu y’ ukuboko uciriye mu nkokora, amakika na yo abe amatambge mirongwitandatu nyene.