Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Daniyeli 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nukw Imana ituma Daniyeli akundwa n’umukuru w’inkone, amutera imbabazi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Daniyeli 1:9
14 Iomraidhean Croise  

Aramubarira, ati Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha.


Arik’ Uhoraho aba kumwe na Yosefu, amugirira neza, amuha gutona ku murinzi w’ibohero.


uharire abantu bawe ivyaha n’ibicumuro vyabo vyose bagucumuyeko, ubahe gutera akagongwe ababafashe mpiri, kugira ngo babagirire imbabazi;


Bgirukiro, ndakwinginze, tega ugutwi wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe, wumve n’ugusenga kw’ abasavyi bawe bakunda kwubaha izina ryawe, untabare jewe umusavyi wawe, umpe kugira amahirwe uyu musi, no guhangazwa n’uwo muntu nsavye. Kuko nari nsanzwe nd’ umukevyi mpereza umwami igiturire.


Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.


Ashima uwo mwigeme, aramutonesha; agira umwete wo kumuha ivyo kwisīga ngw ayagayage mu maso, amuha n’igisa yagerewe, amuha n’abakobga ndwi, atoranije mu rugo rw’umwami: aramwunguruza bo n’abo bakobga, amushira aharusha ahandi kuba heza mur’ iyo nzu y’abigeme.


Arikw ikiza umugorwa inkota yo mu kanwa kabo, Mber’ imukiza ukuboko kw’ umunyenkomezi.


Uko ni k’umworo agira ivyizigiro, Abagabitanya bakazibga akanwa.


Agatuma batera akagongwe Abābajanye kw inyagano bose.


Ariko mumenye yuk’ Uhoraho yirobanuriye umukunzi wiwe, Uhoraho azonyumva uko ndamutakambiye.


Inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho Atuma n’abansi biwe buzura na we.


Maz’ uwo mukuru w’inkone abgira Daniyeli, ati Ndatinya umwami segaba, yabagereye ingaburo z’ivyo murya n’ivyo munywa; vyomera bite ababonye mwonze mu maso mudasa n’abandi basore b’urunganwe rwanyu? Muzoba muncishije umutwe ku mwami.


imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha ubutoni n’ubgenge kuri Farawo, umwami wo muri Egiputa, amugira icēgēra ciwe ngw aganze muri Egiputa, amuzēza n’urugo rwiwe rwose.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan